ICO News

'Ndacari muzima', niko Papa yavuze atwenza avuye mu bitaro – BBC


Insiguro ya video,

Abakirisu bari mu marira igihe Papa yava mu bitaro

Papa Francis yavuze atwenza ati “ndacari muzima” igihe yava mu bitaro i Roma aho yari amaze imisi itatu.

Vaticano yari yamenyesheje ko yariko arafata imiti ya antibiotics kandi ko yari kurekurwa kuri uno wa gatandatu, bivanye n’ico ibipimo vyari kerekana.

“Nta bwoba nari mfise, ndacari muzima”, niko uno mu Papa w’imyaka 86 yabwiye abamenyeshamakuru n’abakirisu bari buzuye amosozi hanze y’ibitaro imbere y’uko yurira imodoka.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.