Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) iragabisha ko ivyo bimodoka ntamenwa bigiye gutangwa n’ibihugu vy’Uburengero ata kintu kinini bizohindura ku rubuga rw’intambara, mu gihe Ukraine yakobeje mu rugamba rwayo rwo gusubiza inyuma Abarusiya bayiteye.
Mu gihe abategetsi bajejwe kwivuna abansi bava mu bihugu 50 bakoraniye mu Budagi uno musi, Perezida Volodymr Zelensky yasavye imfashanyo yihuta.
Umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yagirije incuti za Ukraine zo mu burengero ko ziriko zirahendwa na Ukraine yibaza ko hari ico ishobora gushikako ku rubuga rw’intambara.
Afatiye ku birwanisho Ukraine yemerewe n’incuti zayo z’Uburengero, Peskov yabwiye abamenyeshamakuru ati: “ni babe bareka gukavya mu kwerekana ko ibi birwanisho hari ico bishobora guhindura ku rubuga.
“Ahubwo bizokwongerereza Ukraine ingorane, ariko nta kintu na kimwe bizohindura ku ruhande rw’Uburusiya bubandanya n’inzira yabwo gushika ku ntumbero yihaye”.
Zelensky avuga ko akeneye imodoka z’intambara amajana n’amajana
Ni mu gihe Perezida Zelensky avuga ko Ukraine ikeneye amajana y’imodoka z’intambara kugira ishobore kwivuna Uburusiya.
Yabwiye aba bashikiranganji bo kwivuna abansi bava mu bihugu 50 bakoraniye ahitwa Ramstein ati: “Kirazira gukwega ibirenge muri ino ntambara yatangujwe n’Uburusiya.
“Ubutumwa amajana n’amajana yo gushima ntibusigura ko ndonse amajana n’amajana y’imodoka z’intambara….umwanya utegerezwa kutubera ikirwanisho rusangi”.
Asaba abari muri iyo nama ko batoreka ngo isi yiganzirwe n’ubutegetsi bw’urwanko, ko rero bokwongereza inguvu mu gushigikira Ukraine kwivuna Uburusiya.
Ati: “Ni mwebwe mufise ububasha bwose kugira ngo turonke ibirwanisho dukeneye”.
Mw’ijambo ryiwe, Perezida Zelensky yashimangiye ubutumwa yatanze mu ntango z’ino ndwi asaba ibi bihugu gukora vuba bwango kugira biyihe ivya nkenerwa muri ino ntambara.
Ati: “Kremlin itegerezwa gutsindwa.
“Uburusiya bushaka inguvu zo gusambura ibihugu kandi i Moscou barabivuga izuba riva.
“Uburusiya buriko bukoresha inguvu zose mu kugerageza kwumvisha bose ko urwanko rushobora kwiganza gusumba isi yose.
“Ni co gituma mwebwe na jewe dutegerezwa kwihuta.
“Ni ngombwa ko tugira ico dukoze bidatevye”.
Arashimira ibihugu vyose bifasha igihugu ciwe guhangana n’umwansi waco.
Iki si igihe co kudegura – Austin
Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Lloyd Austin, yemeje ko ibihugu vya Bulaya bibandanya bifata mu mugongo Ukraine mu kuyiha ibirwanisho ikeneye.
Yavuze ko Ubudagi bugiye kurungika ibirwanisho vyo mu bwoko bwa Patriot vyo gukingira ikirere kandi ko n’ibindi bihugu nk’Ubufaransa, Canada na Pologne na vyo nyene biriko birafasha.
Ati: “Iki ni igihe gikomeye.
“Uburusiya buriko buriyegeranya bwinjiza n’abasirikare. Ik isi igihe co kudegura.
“Abanyagihugu ba Ukraine baduhanze amaso, Kremlin iriko iratwihweza kandi n’ibihe biriko biratwihweza”.
Yavuze kandi no ku bitero vya misire biheruka ku gisagara ca Dnipro.
Ati: “Mu misi iheze duherutse kwibonera ubugome bw’Uburusiya mu gisagara ca Dnipro muri ino ntambara bwahisemwo.
“Igisasu ca misire y’Uburusiya carihaye inkumbi ku nyubakwa yari ituwemwo n’abanyagihugu, gihitana abasivire 46, harimwo n’abana”.
Austin abandanya asigura ko ingabo za Kremlin zibandanya zisambura ibisagara vya Ukraine, zigandagura n’abanyagihugu bayo.
Asigura ingene ingabo z’Uburusiya zateye ibigo vya kahise ka Ukraine, mu kuvuga ati: “Ibitero vy’Uburusiya bifise intumbero y’uguca intege Ukraine, ariko vyarananiwe mbere n’abanya-Ukraine bateye intege isi.
“Hagati aho, Uburusiya buriko burahererwa n’uburyo kandi buriko buratakaza bikomeye ku rubuga. Buriko bwikora ku ncuti busigaranye kugira ngo burabe ko bwosubira kuronka uburyo bwo kubandanya n’ino ntambara itagira insiguro”.